14 Oct 2017

Lundi noir du 22 Janvier 2018 Kr

Akamo k’Umuhari w’ Abakenyezi n’Abigeme baharanira Amahoro n’ Umutekano mu Burundi ko kuri uwu wa mbere wa 22 Nzero 2018

Ukurondera gusazira ku butegetsi, mbere akazoburaga abasigwa biwe s’ umugambi mwigano Nkurunziza atanguye uno munsi. Yaragerageje guhindura Ibwirizwa Nshingiro muri 2014, Inama Nshingamateka, abanyagihugu na cane cane amashirahamwe  aharanira agateka ka zina muntu barahagararira igihugu ninkingi zaco, baramutesha. None yatoye  umukenyuro wo kubicisha mu matora ya bose yiteguriye gutsindisha  iterabwoba n’uguhenda  abanyagihugu.

Iruhande yo guhindura amategeko, Nkurunziza yashatse guhenda urwenge Abarundi abafatiye ku kwemera Imana. Twibuke ko kera yavuga ko kuba Umukuru w’ igihugu yavyeretswe akiri mw’ ishamba, buhoro buhoro agwiza amasengesho n’  ibikorane, avuga cane ukwerekwa n’ ubuvugishwa, imunywamazi  canke imvura ikuvye bikitwa ibimenyetso Imana iturungikiye ngo dukunde twemere ko ubutegetsi bwiwe buva ku Mana none yodutwara inganji itazohera.!!!

Mbega Abarundi twese twoba turiko urugoto ngo turote ryaka canke twoba turwaye uruhumyi kugira ntitubone iyo irya Nkurunziza rirenga rija ?

Mbega Imana ntiyagize iti abanje muzobamenyera ku vyamwa vyabo. ? Uburundi bugeze ahatemba ! Intwaro yeze niy’ agahotoro n’ ihonyangwa ry’ amategeko ikaba yama  ivyamwa vy’ urupfu, agahohotero n’ agatotezo, amabohero n’ubuhungiro, amakori n’ intererano z’ agahotoro zitwibutsa ya ntwaro ya zana amata zana amasoro, zana amagi zana isaki twagira ngo twariganzuye !

Aha turi rero Barundi Barundikazi  , ntiduhendwe tubona ngo turi n’uwasizwe amavuta n’Imana ari hejuru y’ amategeko agenga igihugu . Uburundi bukeneye  umurongozi abubabaye, abuhumuriza akabwubaka atari uwusahira yisahurira aharanira  inyungu za bose imbere  ya rwiwe, adatoranya  ngo agire nkuzi. Twifuza umurongozi yubahiriza amategeko akayasonera niyo atajanye n’ ivyo yokwifuje.. Hakenewe umurongozi azoshira ubuntu n’ iteka  hejuru y’ inambu y’ ubutegetsi n’ amaronko. !

Ingo Barundi, Barundikazi duhaguruke twamire  twivuy’ inyuma  uwo mugambi  ugayitse wa Nkurunziza wo kurondera  kurya Abarundi abicayeko atacamira , ingo duhagararire amategeko, niyo nkinzo  ntamenwa y’ igihugu n’ abakibamwo !

Ako kar’ Akamo k’Umuhari w’ Abakenyezi n’Abigeme baharanira Amahoro n’ Umutekano mu Burundi ko kuri uwu wa mbere wa 22 Nzero 2018

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *