Akamo k’Umuhari w’Abakenyezi n’Abigeme baharanira Amahoro n’Umutekano mu Burundi ko kuri uyu wambere w’umubabaro wo ku wa 21 Gitugutu 2019.

Uko italiki 21 z’ukwezi kw’icumi zishitse, Uburundi n’Abarundi twama twibuka incungu ya démocratie, uwahora ari Umukuru w’igihugu cacu Melchior NDADAYE.

Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, urifatanije n’abandi barundi bose mu kwibuka iyo ncungu ya démocratie.

Barundi barundi kazi, haraheze imyaka 26 twibuka iyo ncugu, ariko, tuvyihweje  neza, dusa n’abiyobagiza ico yapfiriye. Igihugu cacu carataye imico nka yose ya démocratie abarundi bose bari bizeye ko yobashoboje kubana mu mahoro no gusangira iterambere.

Démocratie yaharanira yari intwaro yubahiriza ubutungane n’ubwigenge bw’abavuka gihugu bose;  yo kubanganisha  imbere y’amategeko no  guhabwa amabanga hisunzwe  ubushobozi. Mu vyifuzo  vyiwe harimwo kudaturubika abantu, kutabasinzikariza  ubuzima canke kubuzimanganya hamwe no kudafungira abantu ubusa  canke kubafunga hatisunzwe amategeko.  None uyu musi niko bimeze ?

Ihibambe we! Uyu musi amategeko arakora kuri bamwe ntakore kubandi, ubutungane bwuzuriza bamwe bamwe ;  akazi canke amabanga umurundi arabironka canke akavyakwa hisunzwe  ubwoko, imigambwe n’ibindi.

Abarundi ntibari bwigere  babura ubwigenge nk’uko biri uyumusi !   Abarundi benshi barapfungwa, barahohoterwa, baraborezwa igufa, bagafatwa ku nguvu bazira ivyiyumviro vyabo, bazira imigambwe barimwo !

Eka n’abadahuye n’ayo makuba tudondaguye basa n’abapfunzwe Icamaso.

Barundi barundikazi , aho bukera abarundi barasubira mu matora , kw’izina ry’iyo democratie isa n’iriko iraduca mu myanaya y’intoke.

Aho murahitondera.

Mu gihe abari ku butegetsi muri kino gihe baterekwa ibitajanye n’ivyo bifuza, ejo mushobora gutora ariko mugatwarwa n’abo mutatoye. Murahagabira lero.

Ngo ubuza gusha buratagata, ubwicanyi n’agatotezo tumaze iminsi twunva ku batavuga rumwe na Leta, ejo bushobora kwiyongera canke bukarenga inkombe mu gihe c’amatora nyezina.  Ayo matora n’abahe akaryo ko guserura ikiri ku mutima, mureke  guhora ico mwabonye canke mwunvise cogirira ingaruka mbi Uburundi n’abarundi , haba imbere y’ayo matora canke igihe azobera.   

Igihe niki lero co gusemerera kuko ejo amazi ashobora kurenga ikombe.

AKO N’AKAMO K’UMUHARI W’ABAKENYEZI N’ABIGEME BAHARANIRA AMAHORO N’UMUTEKANO MU BURUNDI.