Akamo k’ Umuhari w’ Abakenyezi n’Abigeme baharanira Amahoro n’Umutekano mu Burundi ko kuri uwu wa mbere w’ umubabaro wa 29 Ndamukiza 2019

Ukwezi kwa kane n ukwezi kwuzuye ivyibutso vy’umubabaro mu mitima y abarundi bose. Twese twaratakaje ubuntu bwacu.

Itariki ya 26 ndamukiza mu mwaka wa 2015, Nepomucene yararashwe afise imyaka 15, co kimwe nabandi bishwe imbere yiwe. Ako karanda karacakomeza .Ndamukiza 1997, ubwicanyi bwagahomera bunwa bwahitanye abana b’inzirakarengane mw’ i Seminari y i Buta. 1972, ubwicanyi ntazina bwariyadukije izuba ryaka ! Ku gatumba kose k i Burundi, haboneka umwiheburo,agahinda n’abafata inzira y ubuhungiro.

Barundi , Barundikazi, gushika ryari tuzoshishikara kwongereza amatariki y urwibutso ?

Gezaho ! Harageze ko bihagarara ! Burya ntidukwiye ivyiza biruta aho? Kahise ka vuba na kubu vyaratubereye umuzigo utubuza gutera imbere. Twarihaye agatwengo kw’isi yose. Imana yari yaduhaye igihugu c’igitangaza, gifise kahise ka basokuru karimwo ubutunzi bwinshi. Twibuke kandi twongere twiyumvire akanya gato ibiri mu majambo y’ururirimbo ruhayagiza igihugu cacu avuga ngo « Warapfunywe , ntiwapfuye, warahabishijwe ntiwahababuka ».

Mbega ntimurushe kuguma mwumviriza ayo majambo abahamagarira kwankana, amajambo abatandukanya muguma mubwirwa niyi ntwaro y ubwicanyi. Jewe ndarushe !! Uyu musi, hari abantu bashaka kuturemeka amakosa, ubwicanyi bwakozwe muri kahise.

Ivyo twovuga ko bikogwa kubera iki ? Kubw’urukundo ababikora bafitiye ababo bapfuye muri kahise?

Ukwihora kwoba gufise insiguro ?Nta narimwe ukwihora kuba icitiranwa c’urukundo kuriyo mvo rero ntivyigeze bigira insiguro.

Dutere iteka abasokuru bacu bose, abacu bapfuye, abakubaguwe, abanyurujwe, abafashwe ku nguvu duheze twisubize umutamana n’iteka. Ntihararengerana. Twubahuke duhagaguruke duhagarike uru rutavanako rw ubwicanyi. Ntabandi atari twebwe nyene abarundi, abakuru n’abato dushobora kubikora. Ukudahana vyiganje i Burundi bitegerezwa guhagarara.

GEZAHO !! Duhagurukire rimwe twese hamwe tuninahaze abo bose bahagurutse, abariko barahaguruka n’abazohaguruka kugira bagwanye agahotoro, urwanko rw umuvukanyi, hagati mu miryango yacu, mu mashule, amacolegi , imitumba n ibisagara.

Turateye akamo zina mukenyezi wese w umurundikazi, duhaguruke turengere ubudasa bwacu kugira dukingire abana bacu ubwo burozi bw urwanko, kuko ico tujejwe n ukubasigira u Burundi butekanye kandi buteye imbere /Bw amata n uburi. Turi inkingi z igihugu cacu kandi atari UBUMWE nta kindi kizodukiza nka kumwe ba baseminari b i Buta babikoze bagira bicwe itariki 30 z ukwezi kwa ndamukiza 1997.

Ako ni akamo k’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi.