Bavukanyi banywanyi b’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi,  

Ncuti, bavukanyi, bagenzi m’umuhari MFFPS,

Uyu munsi turiko turasozera umwaka wa 2019. Warabaye uwundi mwaka w’umuruho kuvyerekeye amahoro, ubutungane n’intwaro ishingiye ku mategeko mu gihugu cacu c’Uburundi. Yari ayandi mezi icumi nabiri twamaze twiteze ugutabagwa, n’ukubona inyishu ku bibazo vyose vyahitiye bizingamitse Uburundi. Ikibabaje nuko uheze ata kintu gifadika dushitse ko. Yamara turashima ko tutadebukiwe, ngo ducike intege, tukagumana ishaka ryo kubandanya naho imitego yari myinshi ikatubuza gukomez’urugendo.  

Ihohotegwa ry’agateka ka zina muntu, ibiza bitandukanye, amatora ariko ategugwa mumwanya utabereye, umutekano ubandanya uhungabanywa, amajambo yinzigo abandanya avugwa, ingorane z’ubutunzi buguma butituka…ngivyo bimwe bimwe muvyaranze umwaka wa 2019. 

Muriki gihe turiko turinjira muri uyu mwaka mushasha wa 2020, tuwinjiranye icizere n’ukudakekeranya ko amahoro, ubutungane, intwaro ishingiye ku mategeko n’iterambere rirama mu Burundi atari indoto idashoboka ahubwo arico cifuzon’intumbero dusangiye twese. Ubu bwato bw’umwaka wa 2020 tubwinjiye mwo tuzi neza tudakekeranya ko ugutsinda kirya caziritse Uburundi, kikabubuza guter’imbere n’uguhinduka arirwo rugamba dusangiye twese kandi tuzotsinda ari uko dutahuye ko intsinzi yacu iri mu bumwe kandi ko vyose biri mu maboko yacu !  

Kw’izina ry’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi, nkundira ndabifurize umwaka mwiza muhire wa 2020, uzobabere uw’amahoro, umunezero, icizere nukuruhuka. 

Umwaka wa 2020 ubere Abarundi bose umwaka w’uguhaguruka n’ukuja imbere. 

Umwaka mwiza muhire wa 2020 ! 

Marie Louise Baricako

Umukuru wa MFFPS

 

Chères sœurs membres du MFFPS, 

Chères sœurs et chers frères amis et partenaires du MFFPS,

Aujourd’hui se clôture l’année 2019. Une autre année de dur labeur sur le champ de la paix, la sécurité et la primauté du droit dans notre chère patrie le Burundi. Douze autres mois d’attente du secours et de la résolution de cette crise. Hélas, aucun résultat palpable n’aura été enregistré. Nous nous félicitons néanmoins pour la ténacité, la résilience et la détermination à poursuivre et à aller de l’avant, malgré les obstacles jonchant de toutes parts qui n’ont pas manqué de retarder notre avancée. 

Les violations continues des droits humains, les catastrophes naturelles auxquelles le pays n’arrive pas à réagir, la marche aveugle vers des élections qui s’organisent dans un environnement totalement défavorable, la situation sécuritaire qui continue de se détériorer, les discours de la haine qui ne cessent de se généraliser, les conditions socio-économiques aujourd’hui au plus bas….tels sont certains des éléments qui auront caractérisé l’année 2019. 

En ce moment où nous entrons dans la nouvelle année 2020, nous choisissons de nous engager avec foi et certitude que la paix, la sécurité, la primauté du droit et le développement durable du Burundi ne sont ni une utopie ni un rêve inatteignable, mais notre aspiration et notre destination collectives. 

Nous embarquons sur le Bâteau2020 avec foi  et conviction que la défaite de cette force qui a pris en otage le développement et la transformation du Burundi est notre cause commune, que nous ne pourrons réaliser avec succès que le jour où nous comprendrons que c’est dans l’union que se trouve notre victoire et que tout est entre nos mains. 

Au nom du MFFPS, je souhaite à tous et à chacun une très bonne année 2020, qu’elle soit bien meilleure que les précédentes, qu’elle vous apporte la paix, la joie, l’espoir et le réconfort. Que 2020 soit pour tous les Burundais une année de reprise et d’avancement. 

BONNE ET HEUREUSE ANNEE 2020 ! 

Marie Louise Baricako

Présidente, MFFPS

 

Dear sisters, MFFPS members,

Dear MFFPS friends and partners,

Today ends 2019. Another year of great challenges in the areas of peace, security and rule of law in our dear country, Burundi. Another twelve months, waiting for help and resolution of the current crisis. Unfortunately, no tangible results have been recorded. However, we greatly appreciate the tenacity, the resilience and the determination to continue and forge ahead, despite the strewn obstacles that have certainly delayed our progress.

The continuous human rights violations, the natural disasters to which the country cannot effectively respond, the blind march towards elections that are being organized in a totally unfavorable environment, the security situation which continues to deteriorate, the hate speeches which are becoming more and more widespread, the socio-economic conditions today at their lowest … these are some of the elements which will have characterized the year 2019.

As we enter the New Year 2020, we choose to engage with faith and certainty that peace, security, rule of law and sustainable development in Burundi are neither an utopia nor an unattainable dream, but our collective aspiration and destination.

We embark on the 2020Vessel with faith and conviction that the defeat of this force which has taken in hostage the development and the transformation of Burundi is our common cause, which we will only achieve the day we will understand that our victory is in unity and that everything is in our hands.

On behalf of the MFFPS, I wish everyone a Happy New Year 2020. May it be much better than the previous ones. May it bring you peace, joy, hope and comfort. 

May 2020 be a year of recovery and progress for all Burundians.

HAPPY AND HAPPY NEW YEAR 2020!

Marie Louise Baricako

President, MFFPS